Ingene twotanguza ibiyago
BE MASO!
Ikibazo: Muri iki gihe amasinema arakunda kwerekana ibintu bisiga ubwenge nk’ibihume, ubupfumu n’amareba. Wibaza ko kubiraba ari ukwiryohera bisanzwe canke birimwo akaga?
Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru Be maso! kirerekana igituma abantu basigaye bakunda ibintu bisiga ubwenge be n’akaga birimwo.
NIWIGISHE UKURI
Ikibazo: Ubwami bw’Imana buzotorera umuti gute ingorane zo muri iyi si?
Icanditswe: Mt 6:10
Iciyumviro: Ubwami bw’Imana buzozana amahoro, ubumwe n’umutekano kw’isi, nk’uko nyene bumaze kubigira mw’ijuru.
UBWAMI BW’IMANA NI IKI? (Isubirayo)
Ikibazo: [Shimika ku kibazo wamusigiye ubuheruka kiri inyuma kuri ako gapapuro.] Ubuzima buzoba bumeze gute mu gihe c’ingoma y’Ubwami bw’Imana?
Ivyanditswe: Zb 37:29; Yes 65:21-23
Ivyo wovuga: [Mwereke agatabu Inkuru nziza.] Icigwa ca 7 co muri aka gatabu, kirerekana ico twokora ngo jewe nawe tuze turonke kuri iyo mihezagiro. [Tanguza inyigisho ya Bibiliya ukoresheje ako gatabu.]
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.