UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Urashobora kuremesha uwahororokewe
Buri mwaka, abahororokewe benshi baritaba Icibutso. Bari baratanguye isiganwa ry’ubuzima ariko mu nyuma barahororokerwa ku bw’imvo zitandukanye. Zimwe muri zo ziravugwa mu gatabu Nugaruke kuri Yehova. (Heb 12:1) Naho ari ukwo, baguma ari ab’agaciro imbere ya Yehova kuko yabaguze amaraso y’Umwana wiwe. (Ivk 20:28; 1Pt 1:18, 19) Twobafasha gute kugaruka mw’ishengero?
Abakurambere mw’ishengero baragerageza kurondera no gufasha abahororokewe, nka kurya nyene umwungere arondera akobeje intama ziba zazimiye. (Lk 15:4-7) Ivyo vyerekana urukundo Yehova abafitiye. (Yr 23:3, 4) Si igikorwa c’abakurambere gusa, twese twoshobora gufasha. Twigoye tukabagaragariza ubuntu kandi tukerekana ko tubatahura, birahimbara Yehova kandi birazana ivyiza vyinshi. (Img 19:17; Ivk 20:35) Niwiyumvire rero uwo woremesha kandi ubigire udatebaganye.
RABA VIDEWO IVUGA NGO REMESHA ABAHOROROKEWE, MUCE MUGANIRA KURI IBI BIBAZO:
-
Ni ibiki Abbey yibwirije gukora igihe yahura n’Icabona ca Yehova atari azi?
-
Kubera iki dukwiye kwegera abakurambere nimba dushaka gufasha umuntu yahororokewe?
-
Abbey yiteguye gute igihe yasubira kugendera Laura?
-
Abbey yagaragaje gute ukwumira kw’ibanga, ukwihangana n’urukundo igihe yariko afasha Laura?
-
Ikigereranyo ca Yezu dusanga muri Luka 15:8-10 kitwigisha iki?
-
Utwigoro twose twagizwe mu gufasha Laura twavuyemwo ivyiza ibihe?