Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 22-24

Woba ufise ‘umutima wo kumenya’ Yehova?

Woba ufise ‘umutima wo kumenya’ Yehova?

Yehova yagereranije abantu n’insukoni

24:5

  • Mu Bayuda bari mu bunyagano i Babiloni, abagumye ari abizigirwa bagereranijwe n’insukoni nziza

24:8

  • Umwami w’umuhemu Zedekiya n’abandi bakoze ibibi, bagereranijwe n’insukoni mbi

Tworonka gute ‘umutima wo kumenya’ Yehova?

24:7

  • Yehova araduha ‘umutima wo kumumenya’ igihe twize Ijambo ryiwe tukongera tukarishira mu ngiro

  • Turakwiye kwisuzuma neza tukarandurana n’imizi agatima n’ivyipfuzo bibangamiye ubucuti dufitaniye na Yehova

Zirikana: Noba mfise umutima wo kumenya Yehova? Nokora iki kugira ndawuronke?