Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 25-28

Gira umutima rugabo nka Yeremiya

Gira umutima rugabo nka Yeremiya

Yeremiya yavuze yuko Yeruzalemu yosanganguwe nka Shilo

26:6

  • Isandugu y’isezerano, iyagereranya ukuhaba kwa Yehova, yarigeze kuba i Shilo

  • Yehova yararetse Abafilisitiya barayifata kandi ntiyigeze igaruka i Shilo

Abaherezi, abahanuzi n’abanyagihugu bose, baciye bahigira kwica Yeremiya

26:8, 9, 12, 13

  • Abantu barafashe Yeremiya kubera yari yavuze ko Yeruzalemu n’urusengero bizosangangurwa

  • Yeremiya ntiyahiye coba ngo atane n’akabando

Yehova yarakingiye Yeremiya

26:16, 24

  • Yeremiya yagumye afise umutima rugabo kandi Yehova ntiyamuhevye

  • Imana yarungitse umusavyi wayo w’umutima rugabo yitwa Ahikamu ngo akingire Yeremiya

Kubera ko Yeremiya yakingiwe na Yehova kandi akamuremesha, yarashoboye kumara imyaka 40 avuga ubutumwa naho butaryohera benshi