Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Bahe ikaze n’igishika cinshi

Bahe ikaze n’igishika cinshi

Bande? Abo bose bitavye amakoraniro yacu, baba ari bashasha canke abamaze igihe. (Rm 15:7; Heb 13:2) Aho hashobora kuba harimwo uwo dusangiye ukwemera avuye mu kindi gihugu canke umukirisu mugenzi wacu yari amaze imyaka atitaba amakoraniro. Niwishire mu kibanza cabo: ntiwokwumva uryohewe hagize uwukuramutsa n’igishika? (Mt 7:12) Ubona gute none ugiye urigora ukaramutsa abari hirya no hino mu Ngoro y’Ubwami imbere canke inyuma y’amakoraniro? Ivyo bituma bose bumva ko harangwa urukundo kandi biraninahaza Yehova. (Mt 5:16) Ego ni ko hari aho bitokunda ko uvugisha abantu bose baje ku makoraniro. Ariko twese nitwabikora bizotuma abahari bose bumva bisanze. *

Ubwakiranyi nyabwo ntibugaragazwa gusa mu bihe bidasanzwe, nko ku Cibutso, ahubwo bugaragazwa igihe cose. Igihe abashasha bibonera urukundo rwa gikirisu kandi bakarwiyumvamwo, vyoshobora gutuma baninahaza Imana maze bakatwiyungako mu gusenga gutyoroye.Yoh 13:35.

^ ing. 3 Bibiliya iratubuza kuramutsa abaciwe canke abiyonjoroye boba baje ku makoraniro.1Kr 5:11; 2Yh 10.