AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Ndamukiza 2018
Ingene twotanguza ibiyago
Ibiyago vyerekeye Bibiliya be n’agahimbare mu buzima.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Pasika n’Icibutso bihuriye ku ki, kandi bitandukaniye ku ki?
Naho Pasika itagereranya Icibutso, hari ibintu vyakorwa kuri Pasika bifise ico bitwigisha.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Nimugende muhindure abantu abigishwa—Kubera iki? Tubakura hehe? Tubigira gute?
Guhindura abantu abigishwa bisobanura kubigisha kwubahiriza ibintu vyose Yezu yategetse. Iryo banga twashinzwe ririmwo gufasha abo twigisha gushira mu ngiro inyigisho za Yezu no kwigana akarorero kiwe.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Kwamamaza no kwigisha ni ntahara mu guhindura abantu abigishwa
Yezu yategetse abayoboke biwe kuja guhindura abantu abigishwa. None ivyo birimwo iki? Twofasha gute abantu gutera imbere mu vy’impwemu?
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Ibicumuro vyawe birababariwe”
Ni ibiki twigira ku gitangaro dusanga muri Mariko 2:5-12? Iyo nkuru yodufasha gute kwihangana igihe turwaye?
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Gukiza umuntu kw’Isabato
Kubera iki Yezu yatuntujwe cane n’inyifato y’abakuru b’idini ry’Abayuda? Ni ibibazo ibihe vyodufasha kubona nimba twigana impuhwe za Yezu?
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Yezu arafise ububasha bwo kuzura abacu bapfuye
Kuzirikana ku nkuru zivugwa muri Bibiliya z’abantu bazutse biratuma turushiriza kwizera ko n’abacu bazozuka muri kazoza.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nukoreshe neza ibikoresho nyamukuru bidufasha kwigisha Bibiliya
Kugira twigishe mu buryo bwiza, dutegerezwa kwiga gukoresha neza ibikoresho dufise. Igikoresho cacu nyamukuru ni ikihe? Tworushiriza gute gukoresha neza ibikoresho vyacu nyamukuru?