UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Kwamamaza no kwigisha ni ntahara mu guhindura abantu abigishwa
Yezu yategetse abayoboke biwe kuja guhindura abantu abigishwa. (Mt 28:19) Ivyo birimwo kwamamaza no kwigisha. Umwe wese arakwiye kuza aribaza ati: ‘Noryohora ibiki muri iyi mice ihambaye ijanye no guhindura abantu abigishwa?’
KWAMAMAZA
Aho kurindira ko abantu badusanga aho turi, dutegerezwa kuja kurondera ababereye tubigiranye umwete. (Mt 10:11) Igihe turiko turamamaza, twoba tutagisha akaryo ko kuyagisha ‘ababa bahari’? (Ivk 17:17) Umwete intumwa Paulo yari afise mu gikorwa co kwamamaza waratumye Lidiya acika umwigishwa.—Ivk 16:13-15.
RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO NUBANDANYE KWAMAMAZA ‘UDATEZURA’—AKARYO KIZANYE NO KU NZU N’INZU, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Mu bikorwa vyiwe vya misi yose, Samweli yerekanye gute ko yarondera guteragira imbuto z’ukuri abigiranye umwete?
-
Kubera iki dukwiye kwitunira ku mice yose y’ukwamamaza?
-
Mu bikorwa vyawe vya misi yose, ubona ari bande wobwira inkuru nziza?
KWIGISHA
Kugira duhindure abantu abigishwa, dutegerezwa gukora n’ibindi uretse kubaha ibitabu gusa. Dutegerezwa gusubira kubagendera no kubigisha Bibiliya kugira tubafashe gutera imbere mu vy’impwemu. (1Kr 3:6-9) Twokora iki none nka hamwe twokwigisha umuntu tubigiranye umwete ariko ntihagire ikivamwo? (Mt 13:19-22) Turakwiye kubandanya turondera abafise imitima imeze nk’“ivu ryiza.”—Mt 13:23; Ivk 13:48.
RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO NUBANDANYE KWAMAMAZA ‘UDATEZURA’—KU MUGARAGARO NO MU GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Salomo na Mary bavomereye gute imbuto z’ukuri zari zaratewe mu mutima wa Ezekiyeli na Abigail?
-
Dukwiye kuba dufise intumbero iyihe igihe twamamaza mu mice itandukanye y’igikorwa, ushizemwo no ku mugaragaro?
-
Twokora iki kugira ngo twiteho cane umuce wo kwigisha abandi ukuri?