Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

1-7 Ndamukiza

1 ABAKORINTO 7-9

1-7 Ndamukiza

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

  • Kuba umwirebange ni ingabire”: (Imin. 10)

    • 1Kr 7:32​—Abakirisu batarubaka barashobora gukorera Yehova ata kibasamaza kuko batagira imyitwarariko nk’iy’abubatse (w11 15/1 18 ing. 3)

    • 1Kr 7:33, 34​—Abakirisu bubatse “[b]aganyishwa n’ivy’isi” (w08 15/7 27 ing. 1)

    • 1Kr 7:37, 38​—Abakirisu bahitamwo kutubaka izabo ku bw’Ubwami ‘baba bagize neza kuruta’ abahitamwo kwubaka (w96 1/11 8-9 ing. 14)

  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)

    • 1Kr 7:11​—Ni ryari umukirisu yoshobora kwiyumvira gutandukana n’uwo bubakanye? (lvs 251)

    • 1Kr 7:36​—Ni kubera iki abakirisu bakwiye kwubaka izabo igihe gusa bamaze “kurengana ishurika ry’ubuto”? (w00 15/7 31 ing. 2)

    • Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?

    • Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

  • Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) 1Kr 8:1-13 (th icigwa ca 5)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

  • Ururirimbo rwa 37

  • Nimba utarubaka urwawe, koresha neza ako karyo: (Imin. 15) Erekana iyo videwo. Nuce ubaza ibi bibazo: Ni ingorane iyihe ihanze abakirisu batubatse? (1Kr 7:39) Ni mu buryo ki umukobwa wa Yefuta ari akarorero keza? Yehova asezeranira iki abagendera mu kutagira amahinyu? (Zb 84:11) Abagize ishengero boremesha gute abirebange? Ni uduteka utuhe abakirisu b’abirebange bashobora guterwa?

  • Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 61

  • Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)

  • Ururirimbo rwa 42 n’isengesho