Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAKORINTO 7-9

Kuba umwirebange ni ingabire

Kuba umwirebange ni ingabire

7:32, 35, 38

Uko imyaka yagiye irarengana ni ko abakirisu benshi bagiye baribonera ko kuba ari abirebange vyabaronkeje akaryo kadasanzwe ko kwagura umurimo, kugiranira ubugenzi n’abantu benshi no  kwiyegereza cane Yehova.

Mu rugendo rwo kwamamaza muri Ostraliya mu 1937; Uwusohotse Gileyadi ashitse aho azokorera muri Megizike mu 1947.

Kwamamaza muri Brezile; Abari mw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami muri Malawi.

IVYO KUZIRIKANAKO: Nimba uri umwirebange, wokwungukira gute kuri ico kiringo bimwe bishitse?

Abagize ishengero bashobora gute kuremesha no gushigikira abirebange?