6-12 Ndamukiza
Ku wa kabiri, itariki 7 Ndamukiza 2020—Icibutso c’urupfu rwa Kristu
Buri mwaka mu kiringo c’Icibutso, abakirisu benshi barazirikana ku rukundo rw’agaheta rwagaragajwe na Yehova Imana be n’Umwana wiwe Yezu Kristu. (Yoh 3:16; 15:13) Ukoresheje igicapo gikurikira, nurabe inkuru zo mu Njili zivuga ibijanye n’ubusuku bwa nyuma bwa Yezu i Yeruzalemu. Ivyo yakoze biravugwa mu gihimba ca 6 c’igitabu Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima. None urukundo Imana na Kristu badukunze rukwiye gutuma ukora iki?—2Kr 5:14, 15; 1Yh 4:16, 19.
UBUSUKU BWA YEZU BWA NYUMA I YERUZALEMU
Igihe |
Ikibanza |
Ivyabaye |
Matayo |
Mariko |
Luka |
Yohani |
---|---|---|---|---|---|---|
8 Nisani, 33 (1-2 Ndam. 2020) |
Betaniya |
Yezu ashika imisi 6 imbere ya Pasika |
|
|
|
|
9 Nisani (2-3 Ndam. 2020) |
Betaniya |
Mariya amusuka amavuta ku mutwe no ku birenge |
|
|||
Betaniya- Betifage- Yeruzalemu |
Yinjirana intsinzi i Yeruzalemu, agendera ku ndogobwa |
|||||
10 Nisani (3-4 Ndam. 2020) |
Betaniya-Yeruzalemu |
Avuma igiti c’umusukoni; Yongera guhumanura urusengero |
|
|||
Yeruzalemu |
Abakuru b’abaherezi n’abanditsi bagira umugambi wo kwica Yezu |
|
|
|||
Yehova avuga; Yezu avuga ivy’urupfu rwiwe; ukutizera kw’Abayuda gushitsa ubuhanuzi bwa Yesaya |
|
|
|
|||
11 Nisani (4-5 Ndam. 2020) |
Betaniya- Yeruzalemu |
Icigwa c’umusukoni wakabiranye |
|
|
||
Yeruzalemu, urusengero |
Ubukuru bwiwe buharirizwa; ikigereranyo c’abahungu babiri |
|
||||
Ibigereranyo: abarimyi b’abicanyi, ubukwe |
|
|||||
Yishura ibibazo vyerekeye Imana na Sezari, izuka, ibwirizwa risumba ayandi |
|
|||||
Abaza isinzi ko ari mwene Dawidi |
|
|||||
Abanditsi n’Abafarizayo baragowe |
|
|||||
Yitegereza umupfakazi atanga intererano |
|
|
||||
Umusozi w’Imyelayo |
Atanga ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe |
|
||||
Ibigereranyo: inkumi cumi, italanto, intama n’impene |
|
|
|
|||
12 Nisani (5-6 Ndam. 2020) |
Yeruzalemu |
Indongozi z’Abayuda zija inama yo kumwica |
|
|||
Yuda ategura ivyo kumugura |
|
|||||
13 Nisani (6-7 Ndam. 2020) |
Yeruzalemu no hafi yaho |
Yitegurira Pasika ya nyuma |
|
|||
14 Nisani (7-8 Ndam. 2020) |
Yeruzalemu |
Asangira Pasika n’intumwa |
|
|||
Yoza ibirenge intumwa |
|
|
|
|||
Yezu amenyesha ko Yuda ari umuguranyi maze akamutaramura |
||||||
Atanguza imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba (1Kr 11:23-25) |
|
|||||
Avuga ko Petero azomwihakana be n’uko intumwa zizosabagira |
||||||
Asezerana umufasha; ikigereranyo c’umuzabibu w’ukuri; atanga itegeko ryo gukundana; isengesho rya nyuma ari kumwe n’intumwa |
|
|
|
|||
Getsemani |
Agira agahinda kenshi mw’itongo; igurwa n’ifatwa rya Yezu |
|||||
Yeruzalemu |
Asambishwa na Anasi; acirwa urubanza na Kayifa, Inama Nkuru; Petero amwihakana |
|||||
Yuda wa muguranyi yimanika (Ivk 1:18, 19) |
|
|
|
|||
Imbere ya Pilato, hanyuma kwa Herodi, maze agarukanwa kwa Pilato |
||||||
Pilato ashaka kumurekura mugabo Abayuda bagasaba Baraba; acirwa urwo kwicwa amanitswe ku giti co kubabarizwako |
||||||
(nk’isaha icenda zo ku muhingamo) |
Gologota |
Acikanira ku giti co kubabarizwako |
||||
Yeruzalemu |
Ikiziga ciwe gikurwa ku giti kigashirwa mu mva |
|||||
15 Nisani (8-9 Ndam. 2020) |
Yeruzalemu |
Abaherezi n’Abafarizayo bacungisha imva maze igashirwako ikimenyetso |
|
|
|
|
16 Nisani (9-10 Ndam. 2020) |
Yeruzalemu no mu micungarararo; Emawusi |
Yezu azurwa; abonekera abigishwa biwe incuro zitanu |
||||
Inyuma yo ku wa 16 Nisani |
Yeruzalemu; Galilaya |
Yongera kubonekera abigishwa (1Kr 15:5-7; Ivk 1:3-8); abaha amategeko; abashinga igikorwa co guhindura abantu abigishwa |
|
|