Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

6-12 Ndamukiza

Ku wa kabiri, itariki 7 Ndamukiza 2020​—Icibutso c’urupfu rwa Kristu

6-12 Ndamukiza

Buri mwaka mu kiringo c’Icibutso, abakirisu benshi barazirikana ku rukundo rw’agaheta rwagaragajwe na Yehova Imana be n’Umwana wiwe Yezu Kristu. (Yoh 3:16; 15:13) Ukoresheje igicapo gikurikira, nurabe inkuru zo mu Njili zivuga ibijanye n’ubusuku bwa nyuma bwa Yezu i Yeruzalemu. Ivyo yakoze biravugwa mu gihimba ca 6 c’igitabu Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima. None urukundo Imana na Kristu badukunze rukwiye gutuma ukora iki?​—2Kr 5:14, 15; 1Yh 4:16, 19.

UBUSUKU BWA YEZU BWA NYUMA I YERUZALEMU

Igihe

Ikibanza

Ivyabaye

Matayo

Mariko

Luka

Yohani

8 Nisani, 33 (1-2 Ndam. 2020)

Betaniya

Yezu ashika imisi 6 imbere ya Pasika

 

 

 

11:55–12:1

9 Nisani (2-3 Ndam. 2020)

Betaniya

Mariya amusuka amavuta ku mutwe no ku birenge

26:6-13

14:3-9

 

12:2-11

Betaniya- Betifage- Yeruzalemu

Yinjirana intsinzi i Yeruzalemu, agendera ku ndogobwa

21:1-11, 14-17

11:1-11

19:29-44

12:12-19

10 Nisani (3-4 Ndam. 2020)

Betaniya-Yeruzalemu

Avuma igiti c’umusukoni; Yongera guhumanura urusengero

21:18, 19; 21:12, 13

11:12-17

19:45, 46

 

Yeruzalemu

Abakuru b’abaherezi n’abanditsi bagira umugambi wo kwica Yezu

 

11:18, 19

19:47, 48

 

Yehova avuga; Yezu avuga ivy’urupfu rwiwe; ukutizera kw’Abayuda gushitsa ubuhanuzi bwa Yesaya

 

 

 

12:20-50

11 Nisani (4-5 Ndam. 2020)

Betaniya- Yeruzalemu

Icigwa c’umusukoni wakabiranye

21:19-22

11:20-25

 

 

Yeruzalemu, urusengero

Ubukuru bwiwe buharirizwa; ikigereranyo c’abahungu babiri

21:23-32

11:27-33

20:1-8

 

Ibigereranyo: abarimyi b’abicanyi, ubukwe

21:33– 22:14

12:1-12

20:9-19

 

Yishura ibibazo vyerekeye Imana na Sezari, izuka, ibwirizwa risumba ayandi

22:15-40

12:13-34

20:20-40

 

Abaza isinzi ko ari mwene Dawidi

22:41-46

12:35-37

20:41-44

 

Abanditsi n’Abafarizayo baragowe

23:1-39

12:38-40

20:45-47

 

Yitegereza umupfakazi atanga intererano

 

12:41-44

21:1-4

 

Umusozi w’Imyelayo

Atanga ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe

24:1-51

13:1-37

21:5-38

 

Ibigereranyo: inkumi cumi, italanto, intama n’impene

25:1-46

 

 

 

12 Nisani (5-6 Ndam. 2020)

Yeruzalemu

Indongozi z’Abayuda zija inama yo kumwica

26:1-5

14:1, 2

22:1, 2

 

Yuda ategura ivyo kumugura

26:14-16

14:10, 11

22:3-6

 

13 Nisani (6-7 Ndam. 2020)

Yeruzalemu no hafi yaho

Yitegurira Pasika ya nyuma

26:17-19

14:12-16

22:7-13

 

14 Nisani (7-8 Ndam. 2020)

Yeruzalemu

Asangira Pasika n’intumwa

26:20, 21

14:17, 18

22:14-18

 

Yoza ibirenge intumwa

 

 

 

13:1-20

Yezu amenyesha ko Yuda ari umuguranyi maze akamutaramura

26:21-25

14:18-21

22:21-23

13:21-30

Atanguza imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba (1Kr 11:23-25)

26:26-29

14:22-25

22:19, 20, 24-30

 

Avuga ko Petero azomwihakana be n’uko intumwa zizosabagira

26:31-35

14:27-31

22:31-38

13:31-38

Asezerana umufasha; ikigereranyo c’umuzabibu w’ukuri; atanga itegeko ryo gukundana; isengesho rya nyuma ari kumwe n’intumwa

 

 

 

14:1– 17:26

Getsemani

Agira agahinda kenshi mw’itongo; igurwa n’ifatwa rya Yezu

26:3036-56

14:26, 32-52

22:39-53

18:1-12

Yeruzalemu

Asambishwa na Anasi; acirwa urubanza na Kayifa, Inama Nkuru; Petero amwihakana

26:57–27:1

14:53–15:1

22:54-71

18:13-27

Yuda wa muguranyi yimanika (Ivk 1:18, 19)

27:3-10

 

 

 

Imbere ya Pilato, hanyuma kwa Herodi, maze agarukanwa kwa Pilato

27:2, 11-14

15:1-5

23:1-12

18:28- 38

Pilato ashaka kumurekura mugabo Abayuda bagasaba Baraba; acirwa urwo kwicwa amanitswe ku giti co kubabarizwako

27:15-30

15:6-19

23:13-25

18:39– 19:16

(nk’isaha icenda zo ku muhingamo)

Gologota

Acikanira ku giti co kubabarizwako

27:31-56

15:20-41

23:26-49

19:16-30

Yeruzalemu

Ikiziga ciwe gikurwa ku giti kigashirwa mu mva

27:57-61

15:42-47

23:50-56

19:31-42

15 Nisani (8-9 Ndam. 2020)

Yeruzalemu

Abaherezi n’Abafarizayo bacungisha imva maze igashirwako ikimenyetso

27:62-66

 

 

 

16 Nisani (9-10 Ndam. 2020)

Yeruzalemu no mu micungarararo; Emawusi

Yezu azurwa; abonekera abigishwa biwe incuro zitanu

28:1-15

16:1-8

24:1-49

20:1-25

Inyuma yo ku wa 16 Nisani

Yeruzalemu; Galilaya

Yongera kubonekera abigishwa (1Kr 15:5-7; Ivk 1:3-8); abaha amategeko; abashinga igikorwa co guhindura abantu abigishwa

28:16-20

 

 

20:26– 21:25