Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago

●○○ MUGIHURA

Ikibazo: Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye abantu?

Icanditswe: It 1:28

Ubukurikira: Twemezwa n’iki ko Imana izoshitsa umugambi ifitiye abantu?

○●○ USUBIYEYO UBWA MBERE

Ikibazo: Twemezwa n’iki ko Imana izoshitsa umugambi ifitiye abantu?

Icanditswe: Yes 55:11

Ubukurikira: Ubuzima buzoba bumeze gute Imana niyashitsa umugambi wayo?

○○● USUBIYEYO UBWA KABIRI

Ikibazo: Ubuzima buzoba bumeze gute Imana niyashitsa umugambi wayo?

Icanditswe: Zb 37:10, 11

Ubukurikira: Twokora iki kugira tuze twungukire ku vyo Imana yasezeranye?

ISEKEZA RYO GUTANGA UBUTUMIRE BW’ICIBUTSO (14 Ntwarante–7 Ndamukiza):

“Twipfuza kugutumira ku musi uhambaye uzohimbazwa n’abantu amamiliyoni. Ni umusi wo kwibuka urupfu rwa Yezu.” Muhe ubutumire. “Ubu butumire burerekana umwanya n’ikibanza bizoberako hano iwacu. Turagutumiye no ku nsiguro idasanzwe izotangwa mu mpera y’indwi y’imbere y’aho.”

Ico mwoganirako ubutaha nimba yashimishijwe: Kubera iki Yezu yapfuye?