Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ni igiki gihambaye cane kuri jewe?

Ni igiki gihambaye cane kuri jewe?

Yakobo yaranyinyanye n’umumarayika kubera ikintu gihambaye cane, ari co umuhezagiro wa Yehova. (It 32:24-31; Hs 12:3, 4) Tweho bite? Twoba twiteguriye gukora ibishoboka vyose kugira ngo tugamburukire Yehova maze turonke umuhezagiro wiwe? Nk’akarorero, nimba dutegerezwa guhitamwo hagati yo kwitaba ikoraniro no gukora amasaha yiyongereye ku kazi, tuzohitamwo iki? Nitwaha Yehova umwanya wacu, inguvu zacu be n’ivyo dutunze kandi tukabigira tutiziganya, azoducuncuburirako “umuhezagiro gushika aho hadasubira kubaho umukeno.” (Ml 3:10) Azotuyobora, adukingire yongere atwitwararike mu vyo dukeneye.​—Mt 6:33; Heb 13:5.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWUMIRE KU MIGAMBI YAWE Y’IVY’IMPWEMU, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Uwo mushiki wacu yageragejwe gute n’ikintu yakunda cane?

  • Akazi dukora gashobora gute kutubera ikigeragezo?

  • Kubera iki Timoteyo yari akeneye kuguma yishingira imigambi naho yari ahumuye mu vy’impwemu?​—1Tm 4:16

  • Ni igiki gihambaye cane mu buzima bwawe?

    Twerekana gute igikorwa gihambaye kuri twebwe ico ari co?