Woba uriko uranyinyana kugira uronke umuhezagiro?
Kugira duhezagirwe na Yehova, dutegerezwa kwihatira kugumiza ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. (1Kr 9:26, 27) Umutama Yakobo yarerekanye agatima dukwiye kugaragaza igihe dukorera Yehova. Turerekana ko turonderana ubwira umuhezagiro wa Yehova mu . . .
-
Gutegura neza amakoraniro
-
Kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza tudahorereza
-
Kwihatira gufasha abandi mw’ishengero
Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, dukwiye kwama dusaba Yehova ngo adufashe kandi tukarondera guhezagirwa na we mu kumukorera tubigiranye umwete.
NIWIBAZE UTI: ‘Mu buzima bwanje, ni mu mice iyihe norushiriza kugira umwete kugira ndonke umuhezagiro wa Yehova?’