Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 32-33

Woba uriko uranyinyana kugira uronke umuhezagiro?

Woba uriko uranyinyana kugira uronke umuhezagiro?

32:24-28

Kugira duhezagirwe na Yehova, dutegerezwa kwihatira kugumiza ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. (1Kr 9:26, 27) Umutama Yakobo yarerekanye agatima dukwiye kugaragaza igihe dukorera Yehova. Turerekana ko turonderana ubwira umuhezagiro wa Yehova mu . . .

  • Gutegura neza amakoraniro

  • Kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza tudahorereza

  • Kwihatira gufasha abandi mw’ishengero

Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, dukwiye kwama dusaba Yehova ngo adufashe kandi tukarondera guhezagirwa na we mu kumukorera tubigiranye umwete.

NIWIBAZE UTI: ‘Mu buzima bwanje, ni mu mice iyihe norushiriza kugira umwete kugira ndonke umuhezagiro wa Yehova?’