Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Mushire kure imana z’inyamahanga”

“Mushire kure imana z’inyamahanga”

Naho Yakobo atari bwahabwe itegeko ryo kwirinda gusenga ibigirwamana, yari azi ko Yehova abereye kwiheberwa wenyene. (Kv 20:3-5) Ku bw’ivyo, igihe Yehova yamubwira kugaruka i Beteli, Yakobo yaciye ategeka abo bari kumwe bose gushibura imana z’inyamahanga. Yaciye ata kure ibigirwamana vyose, ushizemwo n’amahereni, ayashobora kuba yambarwa nk’ibiheko. (It 35:1-4) Nta gukeka ko Yehova yashimye cane ivyo Yakobo yakoze.

Muri iki gihe, dushobora gute kwihebera Yehova wenyene? Ikintu gihambaye dukwiye gukora, ni ukwirinda gusenga ibigirwamana canke gukora ivy’ubupfumu. Ivyo bishobora kuba birimwo guta kure ikintu cose gifitaniye isano n’ubupfumu be no gusuzuma neza uburyo twisamaza. Nk’akarorero, niwibaze uti: ‘Noba nisamaza mu gusoma ibitabu canke mu kuraba amasinema arimwo ibisizimwe, ibizombi canke ibisigabwenge? Mu buryo nisamaza, hoba harimwo ubwerekana ko maji, imitongero canke ibirozi ata co bitwaye?’ Dutegerezwa kwamirira kure ikintu cose Yehova yanka.​—Zb 97:10.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO MURWANYE SHETANI,” MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni ingorane iyihe yariko irashikira umutohoji wa Bibiliya yitwa Palesa?

  • Kubera iki bihambaye ko umuntu ariko ashikirwa n’ivy’amadayimoni afashwa n’abakurambere?

  • Murwanye Shetani, mwiyegereze Imana.​—Yak 4:7, 8

    Nimba twipfuza gukingirwa na Yehova, dutegerezwa kuvavanura n’ibiki?

  • Palesa yafashe ingingo yo gukora iki?

  • Aho uba, ni ibintu bimwebimwe ibihe twokwirinda bijanye n’amadayimoni?