Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago

UMUNARA W’INDERETSI

Ikibazo: Woba umaze kwumva aya majambo?

Icanditswe: Yoh 3:16

Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru kirasigura ingene urupfu rwa Yezu n’imibabaro yaciyemwo bishobora kutugirira akamaro.

UMUNARA W’INDERETSI (Inyuma ku gipfukisho)

Ikibazo: Raba iki kibazo n’inyishu zikunda gutangwa. [Soma ikibazo ca mbere be n’ivyo bamwe bohitamwo kwishura.] Wewe wokwishura gute?

Icanditswe: Mt 4:1-4

Ivyo wovuga: Kubera ko Shetani yavuganye na Yezu kandi akamugerageza, Shetani rero ategerezwa kuba atari ikibi kiri mu muntu. Ni ibiki Bibiliya imuvugako? Iki kiganiro kirasigura vyinshi.

UBUTUMIRE BW’ICIBUTSO

Ivyo wovuga: Turiko turatumira abantu ku bw’umusi uhambaye cane. [Muhereze ubutumire.] Ku wa 23 Ntwarante, abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bazohurira mu bibanza bitandukanye kugira bibuke urupfu rwa Yezu Kristu kandi bazokwumviriza ku buntu insiguro ishingiye kuri Bibiliya ivuga igituma urupfu rwiwe rutugirira akamaro. Ubu butumire burerekana ikibanza be n’umwanya iryo koraniro rizoberako aha iwacu. Turagusavye uzoze niwaronka akanya.

ANDIKA HANO UBURYO BWAWE

Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago