Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 1-5

Yobu yaragumanye ugutungana mu bigeragezo

Yobu yaragumanye ugutungana mu bigeragezo

Yobu yaba i Uzu igihe Abisirayeli bari abashumba mu Misiri. Naho atari Umwisirayeli, yari umusavyi wa Yehova w’intahemuka. Yari afise umuryango munini, ubutunzi akaba n’umuntu akomeye mu kibano. Yari umujanama yubahwa cane akaba n’umucamanza atagira nkunzi. Yarafasha abakene. Yari umuntu atunganye.

Yobu yarerekanye neza ko Yehova ari we ahambaye cane mu buzima bwiwe

1:8-11, 22; 2:2-5

  • Shetani yarabonye ugutungana kwa Yobu. Ntiyahakanye ko Yobu agamburukira Yehova, ahubwo yavyuye inkeka ku mvo zituma abigira

  • Shetani yavuze ko Yobu akorera Yehova kubera ubwikunzi

  • Kugira Yehova yishure ico kirego, yararetse Shetani aragaba ibitero kuri uwo mugabo w’umwizigirwa. Shetani yarateje amakuba Yobu muri vyose

  • Shetani amaze kubona Yobu agumanye ugutungana kwiwe, yaciye avyura inkeka ku gutungana kw’abantu bose

  • Yobu ntiyacumuye canke ngo aherereze ku Mana ikintu na kimwe kitabereye