Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Incungu yaratumye izuka rishoboka

Incungu yaratumye izuka rishoboka

Icibutso kiraturonsa akaryo ko kuzirikana ku vyiza tuzoronka muri kazoza kubera incungu yatanzwe. Kimwe muri ivyo vyiza ni izuka. Yehova ntiyigeze ashaka ko abantu bapfa. Ni co gituma kubura ari ikintu kidutuntuza cane. (1Kr 15:26) Yezu yarababaye cane abonye intuntu abigishwa biwe bari bafise igihe Lazaro yapfa. (Yoh 11:33-35) Kubera ko Yezu yigana Se wiwe ata gahaze, turatahura ko na Yehova ababara cane iyo atubona dutuntujwe n’ukubura abacu. (Yoh 14:7) Yehova si we azobona harageze ko azura abasavyi biwe, kandi na twebwe n’uko.Yb 14:14, 15.

Kubera ko Yehova ari Imana y’urutonde, birumvikana ko izuka rizoba mu buryo buri ku rutonde. (1Kr 14:33, 40) Aho kuja guhamba tuzoja nyabuna kwakira abazutse. Woba uhora uzirikana ibijanye n’izuka, canecane iyo utuntuye? (2Kr 4:17, 18) Woba ushimira Yehova kubona yaratanze incungu no kubona yaraduhishuriye muri Bibiliya ko abapfuye bazozuka?Kl 3:15.

  • Mu bagenzi bawe n’incuti, ni bande canecane ushashaye kwongera kubona?

  • Mu bantu bavugwa muri Bibiliya, ni nde canecane ushashaye kubona no kuganiriza?