Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ESITERI 6-10

Esiteri yarakoreye Yehova n’abantu biwe ata bwikunzi

Esiteri yarakoreye Yehova n’abantu biwe ata bwikunzi

Esiteri yaraburaniye Yehova n’abantu biwe abigiranye uburindutsi kandi ata bwikunzi

8:3-5, 9

  • Esiteri na Morudekayi ntibari bageramiwe. Ariko itegeko rya Hamani ryo kwica Abayuda bose ryariko rirakwiragira hose muri iyo nganji

  • Esiteri yarongeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga, aja ku mwami atahamagawe. Yaraririye umwami ku bw’abantu biwe amusaba ngo afute rya tegeko rikomeye ryari ryasohotse

  • Amategeko yaba yasohowe n’umwami ntiyashobora gukurwaho. Umwami rero yaciye aha Esiteri na Morudekayi ububasha bwo gushinga irindi tegeko

Yehova yarahaye abasavyi biwe intsinzi ikomeye

8:10-14, 17

  • Harasohotse irindi tegeko ryaha Abayuda uburenganzira bwo kwirwanira

  • Abagendera ku mafarasi bararitwaye hirya no hino muri iyo nganji, Abayuda na bo baca baritegurira urugamba

  • Abantu benshi bariboneye ingene Imana itonesha Abayuda baca binjira idini ry’Abayuda