Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nuhe ikaze abashitsi

Nuhe ikaze abashitsi

Ku wa 23 Ntwarante, turiteze abashitsi nk’imiliyoni 12 canke barenga ku Cibutso. Emwe hazoshingwa intahe ikomeye cane igihe umushikirizansiguro azoba ariko aravuga ingabire y’incungu Yehova yaduhaye be n’imigisha abantu bazoronka kubera yo! (Yes 11:6-9; 35:5, 6; 65:21-23; Yoh 3:16) Ariko si umushikirizansiguro wenyene azoshinga iyo ntahe kuri uwo musi. Twese turashobora kubigiramwo uruhara mu guha ikaze abashitsi n’igishika cinshi. (Rm 15:7) Ehe raba ivyiyumviro bimwebimwe.

  • Aho gushika ugaca wiyicarira urindiriye ko porogarama itangura, nuhe ikaze nyabuna abashitsi be n’abahororokewe, umwenyura kandi n’umutima mwiza

  • Naho nyene uzoba uriko uritwararika abo watumiye, nurabe n’abandi bashobora kuba baje kubera baronse ubutumire mu gihe c’isekeza. Nusabe abashasha ko mwokwicarana kandi musangire Bibiliya n’igitabu c’indirimbo

  • Icibutso kirangiye, uritegura kwishura uwogira ico akubajije. Nimba umwanya ari muto kubera ko mubwirizwa kubisa irindi shengero, nimuvugane ukuntu woja kumugendera vuba. Nimba ata aderese yiwe ufise woshobora kumubwira uti: “Noshima kumenya ingene wabonye uru rubanza. Twobonana gute?”