Abamamaji bo muri Albaniya bariko batumira umuntu ku Cibutso

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Ntwarante 2017

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago dukoresheje ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi n’ingene twokwigisha ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana. Ufatiye ku vyiyumviro vyatanzwe niwitegurire uburyo bwawe.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Ndi kumwe nawe kugira nkurokore”

Igihe Yehova Imana yagira Yeremiya umuhanuzi, yumvise umengo iryo banga riramurengeye. None Yehova yamuremesheje gute?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Bararetse gukora ivyo Imana igomba

Abisirayeli biyumvira ko gutanga ibimazi buheze umwuga vyashobora gutuma Imana yirengagiza ibibi bakora. Yeremiya yarashize amanga arerekana ibicumuro vyabo n’ubwiyorobetsi bwabo.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ingene twokoresha agatabu Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?

Koresha ako gatabu kugira ufashe abatohoji ba Bibiliya kumenya abo turi bo, ivyo dukora n’ingene ishirahamwe ryacu rimeze.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Abantu ntibashobora kuroranirwa batayobowe na Yehova

Abisirayeli ba kera bemera Yehova akabayobora barironkera amahoro, agahimbare, bagatunga bagatunganirwa.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ingene twokoresha agatabu Niwumvirize Imana

Koresha amashusho n’ivyanditswe kugira wigishe ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya abantu bigora gusoma.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Isirayeli yaribagiye Yehova

Yehova yashaka kwerekana iki igihe yasaba Yeremiya kugira urugendo rw’ibilometero hafi 500 aja ku Ruzi Efurate kunyegeza umukaba w’ilino?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Fasha umuryango wawe kwibuka Yehova

Kugira Ugusenga kwo mu muryango mu buryo bwiza kandi ata gusiba vyofasha umuryango wawe kwibuka Yehova. Wotorera umuti gute ibintu bikunze kubera intambamyi Ugusenga kwo mu muryango?