Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ingene twokoresha agatabu Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?

Ingene twokoresha agatabu Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?

Agatabu Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe? kagenewe gukoreshwa mu ntango y’inyigisho canke duhejeje. * Icigwa ca 1 gushika ku ca 4 birafasha abatohoji kumenya abo turi bo, ica 5 gushika ku ca 14 bikabafasha kumenya ivyo dukora, ica 15 gushika ku ca 18 bikabereka ingene ishirahamwe ryacu rimeze. Muri rusangi biraba vyiza twize ivyo vyigwa uko bigenda birakurikirana. Ariko turashobora gusimbira ku cigwa tubona ko gihuje n’ibikenewe muri uwo mwanya. Kubera ko icigwa cose kiri ku rupapuro rumwe, turashobora kukiganirako mu minuta iri hagati y’itanu na cumi.

  • Mwereke ikibazo kigize umutwe w’icigwa

  • Nimusome icigwa cose icarimwe canke ibicebice

  • Nimuganire ku vyo mwasomye. Koresha ibibazo biri epfo hamwe n’amafoto. Nimusome ivyanditswe wahisemwo mwongere mubiganireko. Mufashe kubona ko udutwe tuzize twishura ca kibazo kigize umutwe w’icigwa

  • Mubonye uruzitiro ruvuga ngo “Nurondere kumenya n’ibindi,” nimurusome uce umuremesha gukurikiza ibivugwamwo

^ ing. 3 Akaboneka kuri internet ni ko gahuje neza n’igihe.