Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Fasha umuryango wawe kwibuka Yehova

Fasha umuryango wawe kwibuka Yehova

Yeremiya yahawe igikorwa co kuburira Abayuda yuko botikijwe kubera ko bibagiye Imana yabo Yehova. (Yr 13:25) None iryo hanga vyari vyarigendeye gute? Imiryango y’Abisirayeli ntiyari icisunga Imana. Biboneka ko abavyeyi batakurikiza itegeko Yehova yatanze mu Gusubira mu vyagezwe 6:5-7.

Muri iki gihe na ho nyene, iyo imiryango yisunga Imana amashengero arakomera. Abavyeyi bofasha imiryango yabo kwibuka Yehova mu kugira Ugusenga kwo mu muryango mu buryo bwiza kandi ata gusiba. (Zb 22:27) Umaze kuraba videwo ivuga ngo Aya majambo . . . aze abe ku mutima wawe”—Ivyavuzwe n’imiryango, wokwishura gute utu tubazo:

  • Imiryango imwimwe yatoreye umuti gute ibintu bikunze kubera intambamyi Ugusenga kwo mu muryango?

  • Kugira Ugusenga kwo mu muryango mu buryo bwiza kandi mudasiba bivamwo ivyiza ibihe?

  • Ni ibiki bingora ku bijanye n’Ugusenga kwo mu muryango, kandi nzobitunganya gute?