Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 12-16

Isirayeli yaribagiye Yehova

Isirayeli yaribagiye Yehova

Yeremiya yashinzwe igikorwa kitoroshe cari kwerekana ko Yehova yari yiyemeje guhonya abantu bo muri Yuda na Yeruzalemu kubera ubwishime bwabo n’akagagazo.

Yeremiya yaraguze umukaba w’ilino

13:1, 2

  • Gukenyera uwo mukaba mu mafyinga vyagereranya ubucuti bwa hafi Yehova yari afitaniye na Isirayeli

Yeremiya yarajanye uwo mukaba ku Ruzi Efurate

13:3-5

  • Yarawunyegeje mu mugaga w’urutare aca asubira i Yeruzalemu

Yeremiya yarasubiye ku Ruzi Efurate gutora wa mukaba

13:6, 7

  • Uwo mukaba wari wononekaye

Yeremiya arangije ico gikorwa Yehova yaciye asigura ico gisobanura

13:8-11

  • Ico gikorwa wamengo nta co kimaze kiri mu vyo Yehova yakoresheje arondera gushikira umutima w’abasavyi biwe. Kuba rero Yeremiya yaragamburutse akagikora, vyarafashije