Bariko baratumira umuntu ku Cibutso muri Sloveniya

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Ntwarante 2018

Ingene twotanguza ibiyago

Ibiyago bishingiye kw’isekeza ryo gutanga ubutumire bw’Icibutso no kuri ibi bibazo: Kubera iki Yezu yapfuye? Incungu itumariye iki?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu”

Mu bikorwa turangurira Yehova, twoba twitunira canecane ku bishobora gutuma tumenyekana canke duhayagizwa? Umusuku yicisha bugufi akenshi akora ibikorwa bibonwa na Yehova Imana gusa.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Nugamburuke ya mabwirizwa abiri asumba ayandi

Yezu yavuze ko amabwirizwa abiri asumba ayandi ari ayahe? Twokwerekana gute ko tugamburuka ayo mabwirizwa?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ingene twotsimbataza ugukunda Imana na bagenzi bacu

Dutegerezwa gukunda Imana na bagenzi bacu. Kimwe mu bintu bihambaye vyodufasha gutsimbataza urwo rukundo ni ugusoma Bibiliya ku musi ku musi.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Guma uri maso mu vy’impwemu muri iyi misi ya nyuma

Muri iki gihe, abantu benshi baritwararika cane ibintu vyo mu buzima bwa misi yose, bigatuma batitwararika ivy’impwemu. None abakirisu bari maso mu vy’impwemu, batandukaniye he na bo?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Iherezo ry’ivy’iyi si riri hafi cane

Amajambo ya Yezu yerekana gute ko iherezo ryegereje cane? Ico kibazo kirishurwa mw’ividewo ivuga ngo Iherezo ry’ivy’iyi si riri hafi cane.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Mugume muri maso”

Muri wa mugani w’abigeme cumi b’isugi, umukwe agereranya nde? Abigeme b’isugi b’ubwenge bo? Ab’ibijuju na bo? Uwo mugani ukwigisha iki?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kwigisha abatohoji gutegura

Kuva mu ntango, turakwiye gufasha abo twigisha kwama bategura ivyo twiga. Twobigira gute?