Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kwigisha abatohoji gutegura

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kwigisha abatohoji gutegura

IGITUMA BIHAMBAYE: Igihe abo twigisha baba bateguye, baratahura neza ivyo tubigisha kandi bakavyibuka. Uko barushiriza kubitahura no kuvyibuka, ni ko batera imbere ningoga. Mbere n’inyuma y’ibatisimu, bizoba ngombwa ko bategura amakoraniro n’indimiro kugira ‘bagume bari maso.’ (Mt 25:13) Kumenya ingene bategura be no kwama babigira, bizobafasha mu buzima bwabo bwose. Kuva mu ntango rero, turakwiye gufasha abo twigisha kwama bategura ivyo twiga.

UKO TWOBIGIRA:

  • Nutange akarorero keza. (Rm 2:21) Tegura ivyo uza kwigisha ufise mu bwenge uwo wigisha. (km 11/15 3) Mwereke igitabu cawe giteguye

  • Muremeshe gutegura. Inyigisho imaze gutangura neza, mwereke ko kwiga Bibiliya harimwo no gutegura, umusigurire n’ivyiza bivamwo. Muhe ivyiyumviro birashe vy’ukuntu yocungura umwanya wo gutegura. Mu kiringo co kwiga, hari abamamaji baha abo bigisha ibitabu vyabo biteguye kugira babafashe kubona akamaro ko gutegura. Numukeze igihe yateguye

  • Mwereke ingene yoza arategura. Inyigisho ya Bibiliya igitangura, hari abamamaji bakoresha umwanya wose bamara bariko bariga n’umutohoji mu kumwereka ingene yoza arategura