Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 25

“Mugume muri maso”

“Mugume muri maso”

25:1-12

Naho Yezu yerekeje wa mugani w’abigeme cumi b’isugi ku bayoboke biwe barobanuwe, ubutumwa nyamukuru burimwo bwerekeye abakirisu bose. (w15 15/3 12-16) “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.” (Mt 25:13) Ubona wosigura umugani wa Yezu?

  • Umukwe (umurongo wa 1)​—Yezu

  • Abigeme b’isugi b’ubwenge kandi biteguye (umurongo wa 2)​—Abakirisu barobanuwe biteguriye kurangura igikorwa bashinzwe badahemuka, kandi baguma bakayangana nk’amatara gushika kw’iherezo (Fp 2:15)

  • Akamo: “Ng’uyu umukwe!” (umurongo wa 6)​—Ibimenyamenya vy’ukuhaba kwa Yezu

  • Abigeme b’isugi b’ibijuju (umurongo wa 8)​—Abakirisu barobanuwe baja gusanganira umukwe ariko ntibagume bari maso kandi ntibazigame ugutungana kwabo

  • Abigeme b’isugi b’ubwenge baranka guha abandi ku mavuta yabo (umurongo wa 9)​—Abarobanuwe b’abizigirwa nibamara gushirwako ikidodo ca nyuma, nta co bazoba bagifasha uwo wese azoba yarahemutse

  • “Wa mukwe arashika” (umurongo wa 10)​—Yezu aza guca urubanza gatoyi imbere y’uko ya makuba akomeye arangira

  • Abigeme b’isugi b’ubwenge binjirana n’umukwe ku nzimano y’ubugeni, umuryango ugaca wugarwa (umurongo wa 10)​—Yezu akoraniriza abarobanuwe b’abizigirwa mw’ijuru, ariko abahemutse ntibaronka impera yabo yo mw’ijuru