“Mugume muri maso”
Naho Yezu yerekeje wa mugani w’abigeme cumi b’isugi ku bayoboke biwe barobanuwe, ubutumwa nyamukuru burimwo bwerekeye abakirisu bose. (w15 15/3 12-16) “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.” (Mt 25:13) Ubona wosigura umugani wa Yezu?
-
Umukwe (umurongo wa 1)—Yezu
-
Abigeme b’isugi b’ubwenge kandi biteguye (umurongo wa 2)—Abakirisu barobanuwe biteguriye kurangura igikorwa bashinzwe badahemuka, kandi baguma bakayangana nk’amatara gushika kw’iherezo (Fp 2:15)
-
Akamo: “Ng’uyu umukwe!” (umurongo wa 6)—Ibimenyamenya vy’ukuhaba kwa Yezu
-
Abigeme b’isugi b’ibijuju (umurongo wa 8)—Abakirisu barobanuwe baja gusanganira umukwe ariko ntibagume bari maso kandi ntibazigame ugutungana kwabo
-
Abigeme b’isugi b’ubwenge baranka guha abandi ku mavuta yabo (umurongo wa 9)—Abarobanuwe b’abizigirwa nibamara gushirwako ikidodo ca nyuma, nta co bazoba bagifasha uwo wese azoba yarahemutse
-
“Wa mukwe arashika” (umurongo wa 10)—Yezu aza guca urubanza gatoyi imbere y’uko ya makuba akomeye arangira
-
Abigeme b’isugi b’ubwenge binjirana n’umukwe ku nzimano y’ubugeni, umuryango ugaca wugarwa (umurongo wa 10)—Yezu akoraniriza abarobanuwe b’abizigirwa mw’ijuru, ariko abahemutse ntibaronka impera yabo yo mw’ijuru