Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 20-21

“Uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu”

“Uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu”

20:28

Abanditsi n’Abafarizayo b’ubwibone barakunda ko abantu bababona be n’uko babaramutsa mu kaguriro

Abanditsi n’Abafarizayo bashaka ko abandi babatangarira, bagashaka no kuboneka ko bahambaye. (Mt 23:5-7) Yezu we si ko yari ameze. “Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi.” (Mt 20:28) Mu bikorwa turangurira Yehova, twoba twitunira canecane ku bishobora gutuma tumenyekana canke duhayagizwa? Nimba dushaka kuba abahambaye mu nyonga za Yehova, tuzoshira imbere ivyungura abandi nka kumwe kwa Kristu. Bene ivyo bikorwa usanga kenshi bitabonwa n’abantu, bibonwa na Yehova gusa. (Mt 6:1-4) Umusuku yicisha bugufi . . .

  • arakora ibikorwa vyo gusukura no kubungabunga Ingoro y’Ubwami

  • aribwiriza gufasha abageze mu zabukuru be n’abandi

  • aratanga intererano kugira ashigikire ivyungura Ubwami