Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ikete twokwisunga

Ikete twokwisunga
  • Koresha aderese yawe bwite. Nimba ubona ko bitabereye gutanga aderese yawe, wokoresha iyo ku Ngoro y’Ubwami abakurambere babikwemereye. Ariko rero, KIRAZIRA gukoresha aderese y’ibiro vy’ishami nka aderese bokuronderako.

  • Koresha izina ry’uwo wandikiye nimba urizi. Ivyo bizotuma abona ko ari we rigenewe.

  • Niwitwararike kwandika neza amajambo, no gukoresha neza utumenyetso tujanye n’inyandiko. Ikete rikwiye kuba risukuye, ridafutanganije. Nimba ryandikishijwe iminwe, rikwiye kuba ryoroshe gusoma. Ntukwiye gukoresha imvugo yumvikanamwo ukumenyerana cane canke irimwo icubahiro kirenze.

Iri kete rirerekana ivyo vyiyumviro. Ntukwiye kurikoporora ukwo nyene igihe cose wandikira umuntu wo mu cibare iwanyu. Niwandike ibihuye n’intumbero ufise, ibiba aho iwanyu, n’imico kama y’iwanyu.