Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kwandika amakete meza

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kwandika amakete meza

IGITUMA BIHAMBAYE: Abakorinto ba mbere ni rimwe mu makete 14 intumwa Paulo yanditse kugira aremeshe abakirisu bagenziwe. Iyo umuntu agomba kwandika ikete, arafata umwanya wo guhitamwo neza amajambo akoresha, kandi ivyo bituma uwo yandikiye arisoma incuro n’izindi. Amakete ni uburyo bwiza bwo kwamamaza ku ncuti n’abagenzi. Aradufasha kandi kwamamaza ku bantu bitoroshe ko tuganira amaso mu yandi. Nk’akarorero, umuntu arashobora gushimishwa mugabo ntivyorohe ko umusanga muhira. Hari n’ababa mu cibare cacu usanga bagoye gushikira kuko baba mu nyubakwa zicungerewe cane, mu bigo bizitiye, canke mu bibanza biri kure cane. Ni ibiki none twokwitwararika, na canecane igihe twandikira uwo tutazi?

UKO TWOBIGIRA:

  • Andika ivyo wovuga muri kumwe. Nuhere ku kwidondora hama utomore neza igituma umwandikiye. Numubaze kumbure ikibazo yozirikanako, uce umwerekeza ku rubuga rwacu. Nuce umubwira ko twigisha abantu Bibiliya tubasanze iwabo, canke wandike imitwe y’ibiganiro nka bingahe dusanga muri kimwe mu bitabu dukoresha mu kwigisha Bibiliya. Muri iyo bahasha urashobora gushiramwo agakarata ka JW, ubutumire canke agapapuro k’inkuru nziza

  • Nuce make, ahandiho ryohava rirambira uwo wandikiye.​—Raba ikete twokwisunga

  • Subira urisome urabe ko ata makosa arimwo, ko risa neza be n’uko risomeka neza. Raba ko ritarimwo imvugo ikaze, ko ririmwo ukwiyubara be n’uko riremesha