Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Koresha amavidewo mu kwigisha inyigisho za Bibiliya

Koresha amavidewo mu kwigisha inyigisho za Bibiliya

Ibintu umuntu abona biramukwegera cane, bikanamufasha gutahura ivyo yize no kuvyibuka. Yehova wa Mwigisha Ruheta, yarabikoresheje kugira yigishe ivyigwa bihambaye. (It 15:5; Yr 18:1-6) Na Yezu wa Mwigisha Ahambaye yarabikoresheje. (Mt 18:2-6; 22:19-21) Amavidewo ni kimwe mu bintu vyabaye ngirakamaro cane muri iyi myaka. Woba uyakoresha neza igihe uyobora inyigisho za Bibiliya?

Harateguwe amavidewo 10 adufasha kwigisha ivyigwa vyo mu gatabu Inkuru nziza iva ku Mana. Muri rusangi, buri videwo ifise umutwe uhuye na kimwe mu bibazo biri mu ndome zizize dusanga muri ako gatabu. Mu nteguro y’ako gatabu yo kuri jw.org, harimwo utumenyetso umuntu yofyondako tumwibutsa igihe yokwerekana buri videwo. Vyongeye, hariho n’ayandi mavidewo yunganira ivyigwa vyo mu bindi bitabu dukoresha mu kwigisha Bibiliya.

Mwoba muriko muriga n’inyigisho yawe icigwa kimugora gutahura? Canke uwo wigisha yoba ariko arashikirwa n’ikigeragezo kanaka? Ja mu mavidewo yo kuri jw.org® canke kuri Televiziyo ya JW®, urondere iyomufasha. Mwoshobora kuyirabira hamwe mugaca muyiganirako.

Buri kwezi hama hasohoka amavidewo mashasha. Igihe uzoba uriko urayaraba, uraza uriyumvira ingene woyakoresha mu kwigisha abandi.