Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABAROMA 12-14

Ico kugaragaza urukundo bisobanura

Ico kugaragaza urukundo bisobanura

12:10, 17-21

Igihe umuntu atubabaje, urukundo ruratuma tutagera ingere ku yindi, ahubwo turarenzako tukamukorera iciza. Bibiliya ivuga iti: “Nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire; nimba anyotewe, muhe ico anywa; kuko niwagira ivyo uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe.” (Rm 12:20) Igihe tugaragarije umutima mwiza uwatubabaje, birashobora mbere gutuma yicuza ku vyo yadukoreye.

Wumvise umerewe gute igihe wababaza umuntu utabishaka ariko akakugaragariza umutima mwiza?