16-22 Ntwarante
ITANGURIRO 25-26
Ururirimbo rwa 18 n’isengesho
Amajambo y’intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Esawu agurisha uburenganzira bwiwe bw’imfura”: (Imin. 10)
It 25:27, 28—Naho Esawu na Yakobo bari amahasa, bari batandukanye muri kamere no mu vyo bakora (it-1 1224)
It 25:29, 30—Esawu vyaramunaniye kwigumya kubera inzara n’uburuhe
It 25:31-34—Ata n’ukwiyumvira, ya ntashima Esawu yaragurishije kuri Yakobo uburenganzira bwiwe bw’imfura, abukaba ivyo kurya (w19.02 16 ing. 11; it-2 637)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
It 25:31-34—Iyo nkuru yerekana gute ko abo Mesiya yokomotseko batategerezwa kuba ari imfura? (Heb 12:16; w17.12 15 ing. 5-8)
It 26:7—Kubera iki Izahaki atavugishije ukuri kwose? (it-2 255 ing. 6)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) It 26:1-18 (th icigwa ca 5)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ividewo ya usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 5) Guhana ijambo. Erekana iyo videwo, uce ubaza uti: Twokwirinda gute kumaramaza uwo tubwira inkuru nziza igihe atazi inyishu y’ikibazo twabajije? Ni gute uwo mwamamaji yafashije neza uwo abwira inkuru nziza kuzirikana kuri Matayo 20:28?
Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 4 canke idashika) Koresha agace kajanye na usubiyeyo ubwa mbere. (th icigwa ca 3)
Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 4 canke idashika) Hera ku gace kajanye na usubiyeyo ubwa mbere. Nuce umuha igitabu Bibiliya itwigisha iki? (th icigwa ca 15)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nukoreshe amavidewo igihe wigisha mu gatabu Inkuru nziza: (Imin. 15) Guhana ijambo. Nimurabe ividewo Abapfuye bamerewe gute? na Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’ingorane? Inyuma ya buri videwo, nuce ubaza uti: Wokoresha gute iyo videwo muriko muriga agatabu Inkuru nziza? (mwb19.03 7) Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri iyo videwo bimaze kugufasha igihe wigisha? Niwibutse abumviriza yuko agatabu Inkuru nziza ko mu buhinga bwa none kakwereka aho ufyonda kugira ubone ayo mavidewo.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 108
Amajambo yo gusozera (Imin. 3 canke idashika)
Ururirimbo rwa 107 n’isengesho