Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kubwira inkuru nziza impumyi

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kubwira inkuru nziza impumyi

IGITUMA BIHAMBAYE: Abantu benshi b’impumyi ntibumva borohewe no kuyagisha abantu batazi. Ku bw’ivyo, bisaba ubuhinga kugira umuntu ashobore kubabwira inkuru nziza. Yehova aritwararika impumyi abigiranye urukundo. (Lw 19:14) Turashobora kwigana akarorero kiwe mu kwibwiriza tugafasha impumyi kumenya ibimwerekeye.

UKO WOBIGIRA:

  • ‘Rondera’ abantu b’impumyi. (Mt 10:11) Woba uzi umuntu afise incuti y’impumyi? Mu karere iwanyu hoba hariho amashure, amashirahamwe canke ibindi bigo vyoshima kwakira ibitabu bigenewe impumyi?

  • Bereke ko ubitwararitse. Igihe abantu b’impumyi ubagize abagenzi kandi ukabitwararika bivuye ku mutima, biratuma na bo boroherwa kukwiyegereza. Nugerageze gutanguza ikiyago ku bijanye n’ikintu gishimisha abo mu cibare

  • Nubafashe mu vy’impwemu. Kugira ngo ishirahamwe ryacu rifashe abafise ingorane zo kutabona, ryarasohoye ibitabu mu mero zitandukanye. Nubabaze uburyo boshima gukoresha mu kwiga. Umucungezi w’umurimo akwiye kwiyemeza neza ko uwujejwe ibitabu asaba n’ivy’abafise ubumuga bwo kutabona.