Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 29-30

Yakobo yubaka urwiwe

Yakobo yubaka urwiwe

29:18-28

Yakobo ntiyari azi ingorane zomushikiye amaze kwubaka urwiwe. Rasheli na Leya baracitse abakeba. (It 29:32; 30:1, 8) Ariko naho yashikiwe n’ibigeragezo, yariboneye yuko Yehova yagumanye na we. (It 30:29, 30, 43) Amaherezo, uruvyaro rwiwe rwaracitse ihanga rya Isirayeli.​—Rs 4:11.

Muri iki gihe, abahitamwo kwubaka izabo bazogira amakuba. (1Kr 7:28) Ariko rero, barashobora kuroranirwa kandi bakagira urugo ruhimbawe igihe bihetse kuri Yehova kandi bagashira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga.​—Img 3:5, 6; Ef 5:33.