Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nzotumira bande?

Nzotumira bande?

Buri mwaka turagira akigoro kadasanzwe ko gutumira abantu bo mu cibare cacu ngo baze kwifatanya natwe guhimbaza Icibutso. Nka bose usanga tutazinanyi. Ariko turakwiye gutumira n’abo tuzinanyi. Iyo abantu batumiwe n’abo bazinanyi, kenshi baritaba ubwo butumire. (yb08-F 12 ing. 1; 14 ing. 1) None wotumira nka bande?

  • Incuti

  • Abo mukorana canke mwigana

  • Ababanyi

  • Abo wigisha Bibiliya, abo wahora wigisha be n’amasubirayo

Vyongeye, abakurambere bazotumira abahororokewe. Bite ho nka hamwe uwo muzinanyi yoba ataba mu karere ubamwo? Kugira umenye isaha n’ikibanza Icibutso kizoberako mu karere iwabo, ja kuri jw.org ufyonde ahavuga ngo IBITWEREKEYE, uce uhitamwo ahanditse ngo “Icibutso.” Uko witegurira Icibutso c’uyu mwaka, niwiyumvire abo wotumira maze ubarungikire ubutumire.