Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Koresha Ijambo ry’Imana

Koresha Ijambo ry’Imana

Ijambo ry’Imana rirafise ububasha! (Heb 4:12) Rirashobora no gukora ku mutima abatazi Imana. (1Ts 1:9; 2:13) Turanezerwa cane iyo hagize uwugaragaza ko akenguruka ukuri gushasha twamweretse.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA: NURYOHORE UBUHANGA BWAWE​—NUREKE UBUBASHA BW’IJAMBO RY’IMANA BUKORE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni gute Neeta yaretse ububasha bw’Ijambo ry’Imana bugakora mu gufasha Jade kubona igituma ari vyiza gusuzuma Ijambo ry’Imana?

  • Ni gute Neeta yaretse ububasha bw’Ijambo ry’Imana bugakora mu gusaba Jade ngo asome icanditswe n’ijwi ryumvikana no mu guca ashimika ku gace nyamukuru k’uwo murongo?

  • Ni igiki cerekana ko ico canditswe cakoze ku mutima Jade, kandi wibaza ko vyatumye Neeta yiyumva gute?