Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ntiwigane abahemu

Ntiwigane abahemu

Kora, Datani na Abiramu barahemukiye Yehova mu kugarariza intunganyo yiwe. Yehova yaratikije abo bagarariji hamwe n’uwo wese yabashigikiye. (Gh 16:26, 27, 31-33) Ni ibintu ibihe vyoshobora gutuma duhemukira Yehova? Ni uburorero ubuhe bwo muri Bibiliya buzodufasha kwirinda abahemu?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NTIWIGANE ABAHEMU, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni igiki cagerageje Nadia, kandi ni akarorero ko kutuburira akahe kamufashije kuguma ari intahemuka?

  • Umuvukanyi yari ababajwe n’ivyabaye ni ikigeragezo ikihe yaguyemwo, kandi ni akarorero ko kutuburira akahe kamufashije kuguma ari intahemuka?

  • Ni ingorane iyihe Terrance yari afise, kandi ni akarorero ko kutuburira akahe kamufashije kuguma ari intahemuka?

  • Ni igiki cagerageje umuvukanyi umwe kw’ishure, kandi ni akarorero ko kutuburira akahe kamufashije kuguma ari intahemuka?