Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nta mvura idahita

Nta mvura idahita

Ibigeragezo birashobora kuduca intege bitagoranye na canecane igihe bimaze igihe kirekire. Dawidi yari azi ko ibigeragezo yarimwo kubera Umwami Sauli amaherezo vyorangiye maze akaba umwami nk’uko Yehova yari yarabisezeranye. (1Sm 16:13) Ukwizera kwa Dawidi kwaramufashije kwihangana no kurindira Yehova.

Iyo turi mu bigeragezo, turashobora gukoresha ukwiyubara, ubumenyi canke ubushobozi bwo kwiyumvira kugira turabe ko hari ico twohindura. (1Sm 21:12-14; Img 1:4) Ariko rero, ingorane zimwezimwe zirabandanya n’igihe tuba twakoze ivyo dushoboye vyose mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Mu bihe nk’ivyo, tubwirizwa kwihangana tukarindira Yehova. Vuba azokuraho ingorane zose yongere ‘ahanagure amosozi yose’ ku maso yacu. (Ivy 21:4) Ikigeragezo caba giheze kubera Yehova yahaserutse canke bivuye ku zindi mvo, ico twomenya co ni iki: Nta mvura idahita. Ukwo kuri kuratuma turema ku rugero kanaka.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABANTU BUNZE UBUMWE MW’ISI IRIMWO UKWICAMWO IMICE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni ingorane izihe zashikiye abakirisu bamwebamwe bo mu bumanuko bwa Amerika?

  • Berekanye gute ukwihangana n’urukundo?

  • Ni gute babandanije kwitunira ku “bihambaye kuruta ibindi”?​—Fp 1:10