Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dawidi agira arwane na Goliyati

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

‘Urugamba ni urwa Yehova’

‘Urugamba ni urwa Yehova’

Ukwizera kwa Dawidi kwari gushingiye ku vyo yari azi no ku vyo yari yariboneye (1Sm 17:36, 37; wp16.5 11 ing. 2-3)

Dawidi ntiyigereranije na Goliyati, ahubwo yagereranije Goliyati na Yehova (1Sm 17:45-47; wp16.5 11-12)

Yehova yarafashije Dawidi gutsinda umwansi akomeye kandi ateye ubwoba (1Sm 17:48-50; wp16.5 12 ing. 4; raba ishusho iri ku gipfukisho)

Vyoshika tugahangana n’ingorane zikomeye, nk’uruhamo canke ingeso mbi. Igihe ingorane ziboneka nk’aho zikomeye, twibuke ko zidakomeye ugereranije n’ububasha butagira urugero bwa Yehova.​—Yb 42:1, 2.