Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Nufashe abatohoji ba Bibiliya kugiranira ubucuti na Yehova

Nufashe abatohoji ba Bibiliya kugiranira ubucuti na Yehova

Yehova ashaka ko tumukorera tubitumwe n’urukundo. (Mt 22:37, 38) Urukundo abatohoji ba Bibiliya bakunda Imana ni rwo ruzotuma bagira ivyo bahinduye kandi bakaguma bashikamye mu bigeragezo. (1Yh 5:3) Urukundo bakunda Imana ni rwo ruzobavyurira umutima wo kubatizwa.

Nufashe abo wigisha kubona ko Imana ibakunda. Nubabaze ibibazo nk’ibi: “Ibi bikwigishije iki ku vyerekeye Yehova?” canke “Ibi bikwereka gute ko Imana igukunda?” Nubafashe kubona ko Yehova ariko arabafasha ku giti cabo. (2Ng 16:9) Nubabwire uburorero bw’ukuntu Yehova yishura amasengesho utura udomako wongere ubaremeshe kubona ukuntu Yehova yishura amasengesho yabo. Nta kiryoshe nko kubona abo wigisha Bibiliya bumva ko Yehova abakunda, na bo bakerekana ko bamukunda be n’uko bipfuza kuba abagenzi biwe.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUFASHE ABO WIGISHA BIBILIYA KUGIRANIRA UBUCUTI NA YEHOVA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Jade yahuye n’intambamyi iyihe?

  • Neeta yamufashije gute?

  • Jade yashoboye gute gutsinda iyo ntambamyi?