UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Gusoma Bibiliya buri musi no kurondera ubukerebutsi
Ubukerebutsi buva ku Mana bufise agaciro nk’amatunga yanyegejwe. (Img 2:1-6) Ubukerebutsi buradufasha kubona kure no gufata ingingo nziza. Buradukingira. Ubukerebutsi rero “ni co kintu nyamukuru.” (Img 4:5-7) Bisaba akigoro kugira ducukure ubutunzi bunyegejwe mw’Ijambo ry’Imana. Turashobora gutangura mu gusoma Ijambo ry’Imana “umurango n’ijoro,” buri musi. (Yos 1:8) Raba ivyiyumviro bimwebimwe vyodufasha kwama dusoma Bibiliya kandi bikaturyohera.
NUMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UKUNTU ABAKIRI BATO BIGA GUKUNDA IJAMBO RY’IMANA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Ni ibiki vyagora abo bakiri bato igihe baba bariko baragerageza gusoma Bibiliya buri musi, kandi ni ibiki vyabafashije?
-
Melanie
-
Samuel
-
Celine
-
Raphaello
URUTONDE RWANJE RWO GUSOMA BIBILIYA: