Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Niwungukire ku mpanuro ziranga ubukerebutsi

Niwungukire ku mpanuro ziranga ubukerebutsi

Rehobowamu yari ahanganye no gufata ingingo (2Ng 10:1-4; w18.06 13 ing. 3)

Rehobowamu yararondeye impanuro (2Ng 10:6-11; w01 1/9 28-29)

Rehobowamu n’Abisirayeli barashikiwe n’ingorane kubera ko yirengagije impanuro iranga ubukerebutsi (2Ng 10:12-16; it-2 754 ing. 5)

Kubera ko abakirisu bakuze kandi bahumuye mu vy’impwemu baba bazi utuntu n’utundi, barashobora kubona imbere y’igihe ingaruka zoshika bivuye ku ngingo kanaka.—Yb 12:12.

NIWIBAZE UTI: ‘Mw’ishengero ni bande bompa impanuro nziza?’