Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Umwami Salomo afata ingingo itaranga ubukerebutsi

Umwami Salomo afata ingingo itaranga ubukerebutsi

[Erekana ividewo ivuga Incamake y’igitabu ca 2 Ngoma.]

Salomo yarirundanirije amafarasi n’imikogote akuye mu Misiri (Gus 17:15, 16; 2Ng 1:14, 17)

Hari hakenewe abantu n’ibisagara vyiyongereye kugira iyo mikogote n’ayo mafarasi vya gisirikare vyitwararikwe (2Ng 1:14; it-1 181 ing. 3; 430)

Naho abantu bari babayeho neza mu gice ca mbere c’ingoma ya Salomo, mu nyuma yarabashizeko imizigo iremereye. Igihe umuhungu wiwe Rehobowamu yaba umwami, baciye bagarariza kubera ko yarushirije kubakandamiza. (2Ng 10:3, 4, 14, 16) Ingingo dufata zama zigira ingaruka.—Gl 6:7.