UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Ni ryari wokwiheka kuri Yehova?
Asa yarihetse kuri Yehova kugira atsinde ingabo nyinshi (2Ng 14:9-12; w21.03 5 ing. 12)
Mu nyuma Asa yihetse ku Basiriya kugira atsinde ingabo nkeya cane (2Ng 16:1-3; w21.03 5 ing. 13)
Yehova yarababajwe n’uko Asa atagumye arondera ko amufasha (2Ng 16:7-9)
Twoshobora kwiheka kuri Yehova igihe dufata ingingo zizogira ikintu kinini zikoze ku buzima bwacu. Ariko bite ho mu bindi bihe? Birahambaye ko tuguma twibuka Yehova mu nzira zacu zose.—Img 3:5, 6; w21.03 6 ing. 14.