UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
‘Umutima wanje uzokwama ari ho uri’
Yehova yaritoreye urusengero (2Ng 7:11, 12)
Umutima wa Yehova wokwamye ari ho uri, bikaba vyerekana ko yohaye agaciro cane ivyokorewe muri iyo nzu bijanye n’izina ryiwe (2Ng 7:16; w02 15/11 5 ing. 1)
Abantu baramutse bahevye kugendera imbere ya Yehova “n’umutima wabo wose,” yociye areka urwo rusengero rugakurwaho (2Ng 6:14; 7:19-21; it-2 1048)
Igihe begurira Imana urwo rusengero, abantu bashobora kuba biyumvira ko umutima wabo wokwamye kuri rwo. Ikibabaje, umwete wabo mu bijanye no gusenga Yehova wagiye uragabanuka buhorobuhoro.
NIWIBAZE UTI: ‘Ndiko nerekana gute ko nitwararika cane ibijanye no gusenga?’