Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

1-7 Ndamukiza

ZABURI 23-25

1-7 Ndamukiza

Ururirimbo rwa 4 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. «Yehova ni Umwungere wanje»

(Imin. 10)

Yehova aratuyobora (Zb 23:​1-3; w11 1/5 31 ing. 3)

Yehova aradukingira (Zb 23:4; w11 1/5 31 ing. 4)

Yehova aratugaburira (Zb 23:5; w11 1/5 31 ing. 5)

Yehova aritwararika abasavyi biwe nka kurya umwungere mwiza yitwararika intama ziwe.

NIWIBAZE UTI: “Yehova anyitwararika gute ku giti canje?”

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 23:3—«Inzira y’ubugororotsi» ni iki, kandi ni igiki codufasha kudakevya ngo tuyivemwo? (w11 15/2 24 ing. 1-3)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. Nusomere icanditswe kiremesha umuntu akubwiye ko arajwe ishinga n’ibidukikije. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) INZU KU NZU. Niwereke umuntu yakiriye agatabu Kwiberaho ibihe bidahera ukuntu twigisha Bibiliya. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 3)

6. Guhindura abantu abigishwa

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 54

7. Turirinda ijwi ry’ab’ahandi

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Intama zirazi ijwi ry’umwungere wazo kandi ziramukurikira. Ariko zirahunga umuntu w’ahandi kuko zitaba zizi ijwi ryiwe. (Yoh 10:5) Muri ubwo buryo nyene, turumviriza amajwi y’Abungere bacu badukunda kandi bo kwizigirwa, Yehova na Yezu. (Zb 23:1; Yoh 10:11) Ariko turirinda ijwi ry’ab’ahandi barondera gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya biciye ku «majambo y’uruhendo.»—2Pt 2:​1, 3.

Mw’Itanguriro ikigabane ca gatatu haravuga igihe ijwi ry’uw’ahandi ryumvikana kw’isi ari bwo bwa mbere. Shetani yaregereye Eva yiyoberanije kugira amuzimize. Yarigize umugenzi wiwe, maze aragoreka ivyo Yehova yavuze n’imvo akorana ibintu. Ikibabaje Eva yaramwumvirije, bikaba vyamukwegeye ingorane zikomeye, bizikwegera n’abamukomotseko.

Muri iki gihe, Shetani aragerageza kuvyura inkeka ku vyerekeye Yehova n’ishirahamwe ryiwe mu gukwiragiza amakuru atari yo, ukuri kw’igice n’ibinyoma vyeruye. Igihe twumvise ijwi ry’uw’ahandi, dukwiye guca dukura meza! Birateye akaga kuryumviriza, mbere naho kwoba ari ugusuma urusaku akanya gato. Shetani vyamusavye amajambo angana gute kugira azimize Eva muri ico kiyago kigufi? (It 3:​1, 4, 5) Bite ho igihe umuntu tuzi, adukunda kandi atwipfuriza ineza, ashaka kutubwira amakuru atari yo yerekeye ishirahamwe rya Yehova?

Nimurabe IVIDEWO Niwirinde «ijwi ry’ab’ahandi.» Nuce ubaza uti:

Wigiye iki ku kuntu Jade yavyifashemwo ku kibazo cerekeye nyina wiwe atizera?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 55 n’isengesho