Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

22-28 Ndamukiza

ZABURI 32-33

22-28 Ndamukiza

Ururirimbo rwa 103 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Kubera iki dukwiye kwatura igicumuro gikomeye?

(Imin. 10)

Dawidi yarashikiwe n’ingorane igihe yarondera guhisha ibicumuro yakoze, bikaba bishoboka ko ari igihe yarenga ibigo na Batisheba (Zb 32:​3, 4; w93 15/3 9 ing. 7)

Dawidi yaravyaturiye Yehova kandi yaramubabariye (Zb 32:5; cl 262 ing. 8)

Dawidi yarumvise aruhuriwe amaze kubabarirwa na Yehova (Zb 32:1; w01 1/6 30 ing. 1)

Bishitse tugakora igicumuro gikomeye, dukwiye kucaturira Yehova twicishije bugufi, tukemanga ico twakoze kandi tukamusaba imbabazi. Dukwiye kandi kwitura abakurambere kugira badufashe gusubira kwiyegereza Yehova. (Yak 5:​14-16) Ivyo bizotuma turonka ukuruhurirwa kuva kuri Yehova.—Ivk 3:19.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 33:6—«Impwemu» zo mu kanwa ka Yehova ni iki? (w06 15/5 20 ing. 1)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Kwicisha bugufi—Ivyo Pawulo yakoze

(Imin. 7) Guhana ijambo. Nimurabe IVIDEWO, muce muganira kuri lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 1-2.

5. Kwicisha bugufi—Niwigane Pawulo

(Imin. 8) Ikiganiro co guhana ijambo gishingiye kuri lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 3-5 be na «Nurabe kandi.»

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 74

6. Ibikenewe iwanyu

(Imin. 15)

7. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 39 n’isengesho