Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

29 Ndamukiza–5 Rusama

ZABURI 34-35

29 Ndamukiza–5 Rusama

Ururirimbo rwa 10 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. “Nushemeze Yehova ibihe vyose”

(Imin. 10)

Dawidi yarashemeza Yehova mbere n’igihe yaba ari mu ngorane (Zb 34:1; w07 1/3 22 ing. 11)

Dawidi yirata kubera Yehova, ntiyiyemera (Zb 34:​2-4; w07 1/3 22 ing. 13)

Ivyo Dawidi yavuze mu gushemeza Imana vyarakomeje abagenzi biwe (Zb 34:5; w07 1/3 23 ing. 15)

Dawidi amaze kurekurwa na Abimeleki, abagabo 400 bari bafitaniye ingorane na Sawuli baciye bamwiyungako mu gahinga. (1Sm 22:​1, 2) Dawidi ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi abo bagabo igihe yandika iyi zaburi.—Zb 34, akajambo k’intangamarara.

NIWIBAZE UTI: “Noshemeza gute Yehova igihe noba ndiko ndayaga n’umuntu kw’ikoraniro rikurikira?”

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 35:19—Kuba Dawidi yasavye Yehova ngo ntareke abamwanka ngo «bavunanire ingohe», bisobanura iki? (w06 15/5 20 ing. 2)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 2) AKARYO KIZANYE. Ikiyago kirangira utaramubwira inkuru nziza. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 4)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 4)

6. Gusigura ivyo wemera

(Imin. 5) Umwerekano. ijwfq 59—Umutwe: Ivyabona vya Yehova bamenya gute ko bohimbaza umusi mukuru kanaka canke ko batowuhimbaza? (th icigwa ca 17)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 59

7. Uburyo butatu bwo gushemeza Yehova ku makoraniro

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Amakoraniro y’ishengero araduha uturyo tudasanzwe two gushemeza Yehova. Raba ubu buryo butatu:

Ibiyago: Nuvuge ibijanye n’ukumera neza kwa Yehova igihe uyaga n’abandi. (Zb 145:​1, 7) Woba warumvise canke warasomye iciyumviro cagufashije? Hoba hari ikintu ciza wiboneye mu ndimiro? Hoba hari uwakuremesheje biciye ku vyo avuze canke akoze? Hoba hari ikintu wabonye mu vyaremwe cagukoze ku mutima cane? Ivyo vyose ni ingabire ziva kuri Yehova. (Yak 1:17) Nushike hakiri kare ku makoraniro kugira uronke akanya ko kuyaga n’abandi.

Inyishu: Nugerageze gutanga n’imiburiburi inyishu imwe kuri buri koraniro. (Zb 26:12) Woshobora gutanga inyishu idomako canke ukunganira inyishu yatanzwe, ukagira ico uvuze ku canditswe, kw’ishusho canke ukavuga ukuntu ayo mayagwa yoshirwa mu ngiro. Kubera bishoboka ko hari n’abandi bazokiriza cokimwe nawe, nutegure inyishu nyinshi. Hamwe twotanga inyishu mu masegonda 30 canke adashika, bizotuma benshi bashobora «[g]ushikanira Imana ikimazi c’ishemezo.» —Heb 13:15.

Indirimbo: Nuririmbe indirimbo z’Ubwami ucangamutse. (Zb 147:1) Vyoshika ntibikunde ko utanga inyishu kuri buri koraniro, na canecane mw’ishengero rinini, ariko woshobora kwama wifatanya n’abandi mu kuririmba. Naho woba wumva umenga ntuzi kuririmba neza, numenye ko Yehova ahimbarwa cane igihe ukoze ivyo ushoboye vyose mu kuririmba. (2Kr 8:12) Urashobora kwitegura mu kuza urimenyereza kuririmba indirimbo z’Ubwami uri muhira.

Nimurabe IVIDEWO Ishirahamwe ryacu riguma ritera imbere—Indirimbo ni ingabire: Igice ca 1. Nuce ubaza uti:

Mu ntango y’ishirahamwe rya Yehova ryo mu bihe vya none, twerekanye gute ko kuririmbira Yehova amashemezo bihambaye?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rushasha rwo mw’ihwaniro ryo mu 2024 n’isengesho