Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

4-10 Ntwarante

ZABURI 16-17

4-10 Ntwarante

Ururirimbo rwa 111 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. «Yehova, isoko ry’ivyiza vyose mfise»

(Imin. 10)

Kugira abagenzi bakorera Yehova biratuma tugira agahimbare (Zb 16:​2, 3; w18.12 26 ing. 11)

Kugiranira ubucuti bwiza na Yehova biratuma tugira umunezero (Zb 16:​5, 6; w14 15/2 29 ing. 4)

Kuba Yehova adukingira mu buryo bw’impwemu biratuma twumva dutekanye (Zb 16:​8, 9; w08 15/2 3 ing. 2-3)

Cokimwe na Dawidi, turagira ubuzima buhimbaye kubera ko bushingiye ku gukorera Yehova, we soko ry’ivyiza vyose dufise.

NIWIBAZE UTI: “Ni igiki cerekana ko ubu mbayeho neza kuruta igihe ntari bwamenye ukuri?”

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 17:8—Imvugo ngo «imbone y’ijisho ryawe» isobanura iki? (it-2 697)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Umun. 1) INZU KU NZU. Numuhe ubutumire bw’Icibutso. (th icigwa ca 11)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Numuhe ubutumire bw’Icibutso. Agaragaje ugushimishwa, numubwire ivyerekeye ividewo Niwibuke urupfu rwa Yezu muce muyiganirako. (th icigwa ca 9)

6. Gutanguza ikiyago

(Imin. 2) AKARYO KIZANYE. Numuhe ubutumire bw’Icibutso. (th icigwa ca 2)

7. Guhindura abantu abigishwa

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 20

8. Twokwitegurira gute Icibutso?

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Mu kugamburuka itegeko rya Yezu, ku wa mungu itariki 24 Ntwarante, tuzokwibuka urupfu rwa Yezu, urwerekana urukundo rudasanzwe Yehova na Yezu batugaragarije. (Lk 22:19; Yoh 3:16; 15:13) None twokwitegurira gute ico kiringo kidasanzwe?

  • Nugire uruhara ubigiranye umwete mw’isekeza ryo gutumira abantu ku nsiguro idasanzwe no ku Cibutso. Nugire urutonde rw’abantu wipfuza gutumira wongere ubatumire. Nimba hari abataba mu cibare urimwo, nuje kuri jw.org kugira umenye umwanya n’ikibanza amakoraniro aberako mu karere barimwo

  • Niwongereze umwanya umara mu ndimiro muri Ntwarante na Ndamukiza. Ubona wokora ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha 15 canke 30?

  • Ku wa 18 Ntwarante, uratangura gusoma ibintu bihambaye vyabaye mu ndwi ya nyuma y’ubuzima bwa Yezu ng’aha kw’isi. Urashobora kurimbura urugero rw’ivyo wosoma buri musi wisunze «Urutonde rw’ugusoma Bibiliya kw’Icibutso 2024» ruri ku rupapuro rwa 6-7

  • Ku musi w’Icibutso nurabe ugusenga kwo mu gitondo kudasanzwe kuri jw.org

  • Ku Cibutso, nuhe ikaze n’igishika abashasha n’abahororokewe. Niwitegurire kwishura ibibazo vyose bogira Icibutso kirangiye. Nutunganye kugendera abitavye Icibutso kugira utsimbataze ugushimishwa kwabo

  • Imbere y’Icibutso n’inyuma yaho nuzirikane ku ncungu

Nimurabe IVIDEWO Niwibuke urupfu rwa Yezu. Nuce ubaza uti:

Twokoresha gute iyi videwo mu gihe c’isekeza ry’Icibutso?

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 73 n’isengesho