8-14 Ndamukiza
ZABURI 26-28
Ururirimbo rwa 34 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. Ivyo Dawidi yakoze kugira agumane ugutungana kwiwe
(Imin. 10)
Dawidi yarasavye Yehova ngo amutyorore (Zb 26:1, 2; w04 1/12 14 ing. 8-9)
Dawidi yaririnda kwifatanya n’abagenzi babi (Zb 26:4, 5; w04 1/12 15-16 ing. 12-13)
Dawidi yarakunda gusenga Yehova (Zb 26:8; w04 1/12 16 ing. 17-18)
Naho Dawidi yakoze amakosa, yarigenza neza “n’umutima wiwe wose.” (1Bm 9:4) Ugutungana kwa Dawidi kwarabonekera mu kuntu yihebera Yehova kandi akamukunda cane.
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
-
Zb 27:10 —Uwo murongo woduhumuriza gute igihe tubona umenga abagenzi somambike baduhevye? (w06 15/7 28 ing. 15)
-
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Zb 27:1-14 (th icigwa ca 2)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 2) INZU KU NZU. Nukoreshe agapapuro k’inkuru nziza ko mu Bikoresho bidufasha kwigisha. (th icigwa ca 3)
5. Gukurikirana abashimishijwe
(Imin. 4) INZU KU NZU. Nimuganire ku kibazo kiri inyuma ku gapapuro k’inkuru nziza wamusigiye igihe waheruka kumugendera. Numwereke urubuga rwa jw.org, uce umwereka ibintu yoshobora kuhasanga. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 3)
6. Insiguro
(Imin. 5) lmd inyongera ya A iciyumviro ca 3—Umutwe: Ibidukikije ntibizosubira kwononekara. (th icigwa ca 13)
Ururirimbo rwa 128
7. Abakiri bato bagumana ugutungana mu vy’ukwigenza runtu
(Imin. 15) Guhana ijambo.
Abakirisu b’imiyabaga bategerezwa kurwana urugamba kugira bagumane ugutungana mu vy’ukwigenza runtu. Baranyinyana n’umubiri wabo munyagasembwa bakongera bakarwana urugamba kugira bagume badahumanye mu kiringo c’ishurika ry’ubuto, ni ukuvuga igihe inambu y’umubiri iba ikomeye cane ku buryo uwukiri muto bitamworohera gukora ikibereye. (Rm 7:21; 1Kr 7:36) Bategerezwa kandi kunanira akosho abandi bakiri bato baguma babashirako ngo bakore ubuhumbu, kwaba uguhuza ibitsina n’abo badasangiye ibitsina canke abo babisangiye. (Ef 2:2) Turakeza cane abaguma ari intahemuka kuri Yehova.
Nimurabe IVIDEWO Ubuyabaga bwanje—Nonanira gute akosho ko kuja mu busambanyi? Nuce ubaza uti:
-
Ni akosho akahe urunganwe rwagize kuri Cory na Kamryn?
-
Ni ibiki vyabafashije kugumana ugutungana kwabo?
-
Ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe zogufasha guhangana n’ibintu nk’ivyo?
8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) bt ikig. 8 ing. 5-12